Copertina del podcast

💥🔬 Kuberiki 🔬💥

  • Episode 6: Urubanza rwa Christophe Sion 🔥🔥!

    5 LUG 2022 · Uyu mugabo Christophe Sion, yari umudadanza w’umufaransa yarafise amafranga meshi cane. Ariko yaramaze imyaka myishi aba mu bu Rusiya, gushika mu kwezi kwa munani 2013, umusi yanyikiyeko adasize n’akamenyetso nagatoyi. Ibi ntivyumvikana kuko yarafise ibikenewe vyose bitanga umunezero, akazi keza, umuryango umeze neza, ugizwe n’umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe w’umukobwa yakunda cane. None vyagenze gute, yanyitse kubera iki, yanyikiye hehe, yashikiwe nibiki ?
    Ascoltato 27 min. 48 sec.
  • Episode 5. Urubanza rwa Anders Breivik yishe abantu 77 🔥🔥

    8 MAR 2022 · Italiki 22 zukwezi kwindwi 2011 ni umusi utazokwibagiranwa mu buzima bwigihugu ca Norvege. Uyu musi abantu 77 barishwe, abanda barenga 100 barakomereka mu bitero vyabereye ahantu habiri hatandukanye, hamwe ni hagati mumuji wa Oslo, aho bita Regjeringskvartalet ahari ibiro vyabashirangaji beshi harimwo numushikirangaji wa mbere. Ahandi habereye igitero ni ku kazinga gatoya kitwa Utøya ahariko habera ikambi y’urwaruka rw’umugambwe witwa Arbeidspartiet ariwo parti travailliste cank Labour Party mu zindi ndimi. Ibi bitero vyose uko ari bibiri vyagizwe n’umuntu umwe yitwa Anders Behring Breivik, yarafise imyaka 32 ico gihe. None vyagenze gute kugira ibintu bishike ngaha umuntu ahinduke inyamaswa, agandagure abantu bangana gutya. Yabiteguye gute ari wenyene? Yakoreshe amayeri ayahe kugira Polisi ntimufate ariko arabitegura cank igihe yariko arakora ubu bwicanyi butagira izina? Inyishu muriyi Podcast yuyu musi.
    Ascoltato 40 min. 37 sec.
  • Episode 4. Urubanza rwa Nadia Touil, bamutoye kw'ibarabara yakubiswe cane kagira gace 🔥🔥

    5 FEB 2022 · Turi italiki 30/12/2012, muri quartier yitwa Bondy, iri ku nkengera z’umuji wa Paris. Mu gatondo ka kare, abantu bariko barirenganira, babonye umugore aryamye hasi ariko arava amaraso meshi mu gahanga ahantu bamukubise, asa nuwapfuye ariko umwegereye urabona ko agihema bukebuke. None uyu muntu ninde yashitse aho hantu gute, ninde yashatse kugandagura uyu muvyeyi w’abana ? Inyishi muri podcat yuyu musi.
    Ascoltato 32 min. 3 sec.
  • Episode 3. Urubanza rwa Maureen, uyu mukobwa w'imwaka 19 yishwe azibaguwe imbugita 62 🔥🔥

    12 DIC 2021 · Maureen Jacquier yari umwana w’umukobwa yarafise imyaka 19, ariko naho yarakiri muto yaramaze kuronka urupapuro rumuha uburengazira bwo kuba umumecanicien w’indege. Nico kintu yakunda mu buzima bwiwe, ariko indoto ziwe zarahagaze italiki 27 fevrier 2015, umusi yiciweko mu ga studio kiwe mu muji wa Toulouse. Uyu mwana w’umukobwa bamusanze muhira iwe yapfuye, bamuzibaguye imbugita 62, ikiziga ciwe kirambaraye mu kiziba c’amaraso iruhande y’igitanda ciwe. Yagandaguwe bunyamaswa, ariko ntivyumvikana ingene uwamwishe yinjiye mu nzu yiwe kuko nta dirisha canke umuryango wabomowe. Nico gituma abakora amatohoza baguma bibaza : uyu mwicanyi yarazi Maureen, yinjiye gute ? Inyishu n’ingene vyagenze muri episode yuyu musi.
    Ascoltato 44 min. 49 sec.
  • Episode 2. Urubanza rwa Rafaeli Lomoro, yasize abana umunani🔥🔥

    7 NOV 2021 · Muri episode y’uyu musi tuza kwumviriza urubanza rwumugabo yitwa Rafaeli Lomoro. Uyu Rafaeli yaba mu Bufaransa, yakoze ubuzi bwinshi mu buzima bwiwe gushika umusi umwe aho akazi kiwe kahagaze. Mu mahera bamutekereye yaciye afata ingigo yo gucuruza vanille, akayirimisha muri Madagascar, akayishora mu bihugu bitandukanye. Mu mwaka w’i2006, yarabuzwe irengero ryiwe, aranyika, umuryango wiwe nta nkuru nimwe warufise. Inyamiramabi zatanguye kwiyumvira ko yoba yiciwe muri Madagascar kubera urudandazwa rwiwe yakora, ariko uku amatohoza yagenda arigira imbere, niko inyamiramabi zabona ko abicanyi ataho batari ashobora kuba yagitiye ingorane mu Bufaransa.
    Ascoltato 56 min. 21 sec.
  • Episode 1. Urubanza rwa Laetitia Delecluse, bamwishe nk'imbwa🔥🔥

    1 OTT 2021 · Umusi umwe Laetitia abagenzi biwe baramutelefonye keshi baramubura. Niho baca batangura kwibaza iyari. Laetitia yari umuvyi y'utwana tubiri. Ntiyigeze asubira kuboneka ari muzima. None vyagenze gute?
    Ascoltato 43 min. 50 sec.

Intumbero yiyi Podcast ni kugira dukeburane, tugire inyota yo kumenya amategeko atugenga. Tumenye ivyo dukwiye kwirinda, tumyenye nico umuntu yokora ahuye n’abagiziba nabi. Ni kugira tumenye kandi n’ibiba ahandi ntihagire...

mostra di più
Intumbero yiyi Podcast ni kugira dukeburane, tugire inyota yo kumenya amategeko atugenga. Tumenye ivyo dukwiye kwirinda, tumyenye nico umuntu yokora ahuye n’abagiziba nabi. Ni kugira tumenye kandi n’ibiba ahandi ntihagire uwuhava abigwamwo atabimenye, avuge ngo ntavyo narinzi kuko icaha ntibakigukurako muri Sentare kubera ubujiji. Kumenya amategeko ni ishingano y’umunyagihugu wese.
mostra meno
Contatti
Informazioni

Sembra che non tu non abbia alcun episodio attivo

Sfoglia il catalogo di Spreaker per scoprire nuovi contenuti

Corrente

Copertina del podcast

Sembra che non ci sia nessun episodio nella tua coda

Sfoglia il catalogo di Spreaker per scoprire nuovi contenuti

Successivo

Copertina dell'episodio Copertina dell'episodio

Che silenzio che c’è...

È tempo di scoprire nuovi episodi!

Scopri
La tua Libreria
Cerca