Contatti
Info
Iyi Podcast ifise intumbero yo guhimiriza abantu ngo bakerebuke, bazingurure amaboko biteze imbere. Iratanga udu tips na tricks ingene umuntu abigenza.
-
Episode 11: ❇️ Wogwanya gute gusamazwa n’ibisayangana (shiny object syndrome) ?
7 DIC 2023 · Iyi shiny object syndrom ni ingorane iza iyo umuntu aguma asamazwa n'ikintu cose gishasha kije agaca ata ico yariko arakaora. Bigatuma adaheza ivyo yatanguye kandi ntashike ku ntumbero yihaye. -
Episode 10: ❇️ Ntube umurorerezi mw'iterambere ahubwo ube umukinyi (don't be a spectator in your own economy)!
28 NOV 2023 · Ntube umurorerezi mw'iterambere, ba umukinyi kubera ivyo gukora ntibibuze! -
Episode 9: ❇️ Urashaka gutangura kwikorera usezere umukoresha wawe (ditch your 8 - 4 job)?
21 NOV 2023 · Nimba ufise indoto zo kwokorera ariko ukaba ukorera uwundi muntu, hariho ibintu utegerezwa kwitegurira. -
Episode 8: ❇️ Ibimenyetso 5 vyerekana ko umuntu yifatiwe n’akayo - Screen addiction (cyberdépendance)
14 NOV 2023 · Iyi episode yerekeye ibimenyetso 5 vyerekana ko hageze ko umuntu agabanya umwanya akoresha kuri telefone yiwe canke ibindi biyo. Navyo ni nkibi: kudasinzira neza, kumeneka umutwe, amaso atukura....! -
Episode 7: ❇️ Ibintu 7 vyokwitwarika ku mutekano wawe kuri internet- online safety (securité en ligne) - Irinde phishing!
1 NOV 2023 · Umutekano wawe kuri internet urahambaye. Abahacker bakwivye birashobora kukugiranko ingaruka mbi. Muriyi episode, harimwo ivyo ukwiye gukora bijannye na information pesonnelle zawe, password, phishing., VPN... -
Episode 6: ❇️ Vyoba bibujijwe ko abakirisu bagira business (Faith driven entrepreneurship)?
24 OTT 2023 · Hari abantu bibaza ko umukirisu agize business aba yitayeho ivyo kwisi gusumba ivyo mw'ijuru. Ariko sivyo, ikibi si amahera, ingorane iba iyo uyagize umwami wawe, akagutwara umutima ukayarutisha ibindi bintu vyose. Kubera turakeneye amahera yo kubaho ngaha kwisi umwanya tutarahj́a mw'ijuru. -
Episode 5: ❇️ Tahura ingorane ya analysis paralysis (paralysie d'analyse)-kunanirwa gufata ingingo!
17 OTT 2023 · Ingorane ya analysis paralysis canke kunanirwa gufata ingingo, umuntu aba ayifise iyo akoresha inguvu n'umwanya urenze ariko ararondera amakuru ajanye n'umgambi wiwe. Mu nyuma bikamunanira kwidecida , umwanya ukamuherana ataco akoze (indecision/inaction). -
Episode 4: ❇️ Ni gute twogwanya impostor syndrom (syndrome de l'imposteur)- gutinya kwitwa umuswaganyi?
10 OTT 2023 · Impostor syndrom ni gutinya ko abantu bakwita umuswaganyi, ni gutinya gukora imigambi kubera utinya ko abantu bazohava bakwita umubeshi, ngo ivyo ukora ntavyuzi. Ubwo bwoba twobugwanya gute? -
Episode 3: ❇️ Woba uzi ingene internet ikora?
3 OTT 2023 · Internet yarahinduye ubuzima bwacu, woba uzi ingene ikora? -
Episode 2: ❇️ Imvo 3 zisigura igituma side hustle (activité secondaire) ikenewe!
26 SET 2023 · Side hustle ariyo ntegabizoza irakenewe cane, iyo umuntu arwaye canke hagatera ikiza aca yiokora ku kantu ko ku ruhande. Kandi gatuma umuntu yitegurira pension neza.
Iyi Podcast ifise intumbero yo guhimiriza abantu ngo bakerebuke, bazingurure amaboko biteze imbere. Iratanga udu tips na tricks ingene umuntu abigenza.
Informazioni
Autore | William Guillaume Muringa |
Categorie | Imprenditorialità |
Sito | - |
wilgiyomur@gmail.com |
Copyright 2024 - Spreaker Inc. an iHeartMedia Company